Ico cegeranyo cerekana igihe kiraje ishinga agateka ka zina muntu hamwe n’umutekano mu Burundi muri
iki gihe dutera twerekeza mu matora y’abaduserukira hamwe n’abajenama b’ama komine ategekanijwe kuwa 5Ruheshi haza. Kirerekana ishusho ya politike irangwa n’ubunenge bwinshi.
Haharugwa abantu 13 bapfuye, haraimwo 6 batowe ibiziga. Muri abo bantu bapfuye harimwo umukenyezi, abigeme 2 hamwe n’umuyabaga y’egereje imyaka 15.
Vyongeye, umuntu umwe yaranyurujwe, 2 baraborejwe igufa harimwo umwana yaturiwe na nyina, 1 yahohotewe bifatiye ku gitsina na 2 bahagaritswe bitemewe n’amategeko.
Agateka k’abantu no muri politike,agateka mu mibano,ubutunzi no ku mico kama navyo nyene biragarukwako muri kino cegeranyo.Ishusho ya politike, umutekano n’intwaro ibereye barayitubarira navyonyene.
Imbonerakure, abapolisi hamwe n’anari mu ntwaro n’bo ahanini bikekwako ayo mabi yo guhohotera agateka ka zina muntu. Soma icegaranyo