Hagati ya Nzero na Ruhuhuma 2026, uBurundi bwaraciye mu bihe vy’ingorane,vyaranzwe n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu rikomeye ryegekwa ku bakozi ba Leta canke ababegereye hamwe n’abandi bantu,ataguhanwa. Naho amashirahamwe yigenga yagerageje gushira ahabona ayo mabi,Leta yameze nk’iyitumva akamo k’ubutungane hamwe n’amatohoza yimbitse.Umuhari Iteka,ubikwirikiraniye hagufi,watororokanije abantu 69 bishwe,muribo harimwo abagabo 51, abagore 18 n’abana 15. Intara ya Gitega yarakozweko cane,ku bantu 28 bishwe,igakurikirwa na Bujumbura kubantu 16, Burunga kuri 11, hanyuma Butanyerera na Buhumuza , zabonetse mwo abishwe 7kuri imwe imwe. Soma icegeranyo