Icegeranyo c’Indwi Iteka n’Ijambo n°510

Icocegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mu ndwi yo kuva kuwa 15 gushika kuwa 21 Kigarama 2025. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka urihweza kandi ingorane za politike, izo gufasha abantu, umutekano, ubutungane hamwe n’intwaro. Kirihweza kandi ibintu vyerekana ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike, uburenganzira bw’ubutunzi, imibano n’imico kama.

Amabi akorerwa agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe  n’umuhari Iteka yifashe ugukwirikira muri iki kiringo : n’imiburiburi abantu 5 barishwe harimwo 4 batowe ari ibiziga n’umwe yishwe mu kwihora, 8 bafashwe ku nguvu harimwo abakobwa bakiri abana7 .

 Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, abapolisi hamwe n’abatware nibo bagirizwa ahanini kuba bakora ayo mabi yo guhohotera agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*