Mu ntumbero y’umugambi UMUSEKE,amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka hamwe na Kingi Umurundi Freedom yarakwirikiranye yongera aratohoza uko abanyakongo bahunze intambara yo mu buseruko bwa Kongo inyuma yaho AFC-M23 na TWIGWANEHO bafatiye igisagara ca Uvira. Ugukwirikirana umurindi w’impunzi nyinshi hamwe n’imigwi itandukanye, y’abatari abarwanyi
n’abanywanyi b’imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho vyaragoranye mu bufasha bw’ibanze bwategerezwa kuronswa izo mpunzi ku ruhande rwa Reta y’uBurundi n’abayifasha.Ukugabangana izo mpunzi mu birindiro bitandukanye,ibigo canke amakambi y’igisirikare cane cane abagize imigwi igwana vyarateye amakenga kandi bisaba gukwirikiranirwa hagufi. Soma akamo