Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mu ndwi yo kuva kuwa 15 gushika kuwa 21 Kigarama 2025. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka urihweza kandi ingorane za politike, izo gufasha abantu,umutekano,ubutungane hamwe n’intwaro. Kirihweza kandi ibintu vyerekana ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike, uburenganzira bw’ubutunzi, imibano n’imico kama.
Amabi yo ku gateka ka zina muntu yabnetse kandi yatohojwe n’ishiharamwe Iteka ameze ugukwirikira muri kino kiringo: Nimiburiburi abantu 15 bishwe harimwo 13 batowe ibiziga, 2 baborejwe igufa, 2 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo 1yafashwe ku nguvu w’umwana afise imyaka iri musi ya 18 hamwe n’umuntu 1 yahagaritswe biciye kubiri n’amategeko. Mubishwe, harimwo uruyoya basanze rwahambwe rukomeye hanyuma rucikanira ku bitaro kubera ibikomere. Soma icegeranyo