{"id":10439,"date":"2026-10-25T03:48:14","date_gmt":"2026-10-25T02:48:14","guid":{"rendered":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/?p=10439"},"modified":"2026-10-25T03:48:48","modified_gmt":"2026-10-25T02:48:48","slug":"icegeranyo-iteka-nijambo-n548","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/rn\/index.php\/2026\/10\/25\/icegeranyo-iteka-nijambo-n548\/","title":{"rendered":"Icegeranyo Iteka n&#8217;Ijambo n\u00b0548"},"content":{"rendered":"<p style=\"text-align: justify;\">Icegeranyo c\u2019indwi ITEKA N\u2019IJAMBO n\u00b0 548 c\u2019umuhari uharanira agateka ka zina muntu nu Burundi ITEKA gikorera ku kiringo co kuva kuwa 12 gushika 18 Gitugutu 2026. Gishira ahabona amabi menshi y\u2019ihohoterwa ry\u2019agateka ka zina muntu n\u2019ingorane z\u2019imibano n\u2019ubutunzi bikora ku banyagihugu bo mu Burundi.<\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\">Kuvyerekeye ubwicanyi,abantu 13 barishwe canke bagatorwa ibiziga baravugwa, mu buryo butandukanye:amabi yakozwe,ukwiyahura,isanganya mu butare,ibitero vy\u2019ibikoko vyo mu mazi hamwe n\u2019ibihuhusi. Ivyo biharuro birimwo urupfu rwa Bruce Sebanza inyuma y\u2019 ikubagerwa ryakozwe n\u2019abajejwe umutekano,itorwa ry\u2019ikiziga c\u2019umugabo yanizwe ku nkengera z\u2019ikiyaga Tanganyika, abantu 6 bishwe n\u2019imvubu canke ingona n\u2019imfu 3 zegekwa ku mvura y\u2019isegenya n\u2019umuyaga w\u2019igihuhusi mu ntara ya Butanyerera. Ivyo bintu biratandukanye kandi si vyose,muri ivyo nyene,ihonyangwa ry\u2019agateka ka zina muntu.<\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\">Icegeranyo kiravuga kandi abantu 3 babuzwe irengero,harimwo ukuburwa irengero kw\u2019abantu 2 bavuzwe amazina ,ihagarikwa ry\u2019impunzi y\u2019umunyakongo mu banyamulenge abiwe batazi aho apfungiwe,hamwe n\u2019imiyabaga 2 yabuzwe irengero inyuma y\u2019aho babanje gupfungwa mw\u2019ibohero rya komine Gisuru. Ico cegeranyo kiragaruka kandi ku bantu 3 bahagaritswe biteye amakenga mugihe c\u2019ibikorwa vy\u2019isaka mu makaratiye y\u2019ibisagara biherereye ku rubibe na Kongo cane cane Rumonge. Kuvyerekeye ubushurashuzi,abantu 5 babikorewe harimwo abakobwa,imiyabaga n\u2019abagore baravugwa,cane cane abana,agakobwa gafise imbanyi y\u2019amezi 3 n\u2019umugore akiri muto yagize ingorane zokubura imiti n\u2019itotezwa.Ivyo biharuro bihuye n\u2019ibiri muri ico cegeranyo kandi ntivyerekana amabi yabaye yoseyabaye muri iyo ndwi.<\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\">Uburenganzira ku butunzi n\u2019imibano nabwo burabangamiwe.Mu makomine ya Kirundo, imihana 135 yoba yaravuye mu gihu n\u2019abagabo barenga 315 boba barataye imiryango yabo baja kurondera ubuzi hanze.Abarimyi ibihumbi n\u2019ibihumbagiza kurundi ruhande barazwe ko barishe hagati ya 28 000 na 33 000 fbu ku gapapuro barihiyeko ifumbire ntibayironka.Kuri izo ngorane hiyongerako kubura amazi meza i Kiremba,ibikoresho vy\u2019ishure bidakwiye hamwe n\u2019ibibazo vy\u2019isuku kw\u2019ishure shingiro ya Kinga, aho abanyeshure 847 : abakobwa 441 n\u2019 abahungu 406 basangira utuzu twa Surwumwe 8.<\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\">Isegenya mu ntara ya Butanyerera ku biyerekeye yasambuye amazu 2 052, harimwo 800 zatabagaye, amashure 28 ,hamwe n\u2019ugutakaza ihegitari 2 034,4. Mu gusozera,haravugwa ubunenge mu nteguro y\u2019amatora y\u2019 2027 n\u2019\u2019ingorane zijanye n\u2019imigirwa imwe imwe mu burongozi n\u2019ubutunzi bisaba kurikanura cane.<\/p>\n<p style=\"text-align: justify;\">Gikoresheje ivyo,iki cegeranyo n\u00b0 548 gishira ahabona uguhamagarana kw\u2019uburenganzira bw\u2019ukwigenga,poritike,ubutunzi n\u2019imibano kandi kirerekana ko hakenewe gukwirikirana amabi avugwa,gukingira ababikorewe n\u2019ukubaronsa ubutungane bukwiye. <a href=\"https:\/\/ligue-iteka.bi\/wp-content\/uploads\/2026\/10\/Icegeranyo-iteka-n-ijambo-548.pdf\">Soma icegeranyo<\/a><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Icegeranyo c\u2019indwi ITEKA N\u2019IJAMBO n\u00b0 548 c\u2019umuhari uharanira agateka ka zina muntu nu Burundi ITEKA gikorera ku kiringo co kuva kuwa 12 gushika 18 Gitugutu 2026. Gishira ahabona amabi menshi y\u2019ihohoterwa ry\u2019agateka ka zina muntu n\u2019ingorane z\u2019imibano n\u2019ubutunzi bikora ku <a class=\"more-link\" href=\"https:\/\/ligue-iteka.bi\/rn\/index.php\/2026\/10\/25\/icegeranyo-iteka-nijambo-n548\/\">Continue reading <span class=\"screen-reader-text\">  Icegeranyo Iteka n&#8217;Ijambo n\u00b0548<\/span><span class=\"meta-nav\">&rarr;<\/span><\/a><\/p>\n","protected":false},"author":1,"featured_media":0,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"om_disable_all_campaigns":false,"footnotes":""},"categories":[46],"tags":[],"class_list":["post-10439","post","type-post","status-publish","format-standard","hentry","category-bulletin-rn"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10439?lang=rn"}],"collection":[{"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts?lang=rn"}],"about":[{"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post?lang=rn"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/users\/1?lang=rn"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/comments?lang=rn&post=10439"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10439\/revisions?lang=rn"}],"predecessor-version":[{"id":10442,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10439\/revisions\/10442?lang=rn"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/media?lang=rn&parent=10439"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/categories?lang=rn&post=10439"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/ligue-iteka.bi\/index.php\/wp-json\/wp\/v2\/tags?lang=rn&post=10439"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}